mercredi

Ishengero ry'Umusi w'Isabato ryigisha iki ?

Ivyo Ishengero ryemera

1. Bibiliya yahumetswe n’Imana kandi n’ijambo ryayo
2. Imana-Umwana-Mpwemu Yera bigize Imana imwe rudende mu butatu
3. Yesu n’Imana kandi yamyeho hamwe na Se
4. Mpwemu yera ni umuntu
5. Agakiza gatangwa ku buntu, ntikazanwa n'ibikorwa
6. Yesu yarazutse mu bapfuye, azuka afise umubiri, azukana ubuninahazwa ari n'umubiri
7. Yesu yaduze mw'ijuru ari n'umubiri
8. Ibatisimu riba mu mazi menshi
9. Yesu azogaruka ashinge ubwami bw'imyaka 1 000.

Ivyo Ishengero rihakana

1. Nta nteguro iri ku muntu itegakanya ubuzima bwiwe atarabaho
2. Ibatisimu ku mutwe mu mazi make
3. Nta muriro udahera ubaho
4. Nta muyoboke yemerewe kunywa inzoga canke itabi

Ihishurirwa riteye amakenga

1. Ibicumuro vy'abantu bizobazwa impera n'imperuka Satani
2. Yesu ni umumarayika Mukuru Mikayeli
3. Gukoranira hamwe ku bayoboke bose ni ku musi w'isabato, umusi wa gatandatu w'iyinga
4. Kw'itariki 22 Gitugutu 1844 niho Yesu yatanguza igice ce kabiri c'ubutwari bwiwe
5. Umuntu wese azocibwa urubanza rubereye muri kazoza, hisunzwe ivyo yakoze
6. Uwupfuye abazwa ivu, umushaha wiwe ugasinzira
7. Abanyakibi bazorandurwa bose
8. Ellen G. White niwe yashinze Ishengero ry'aba Adventistes bubahiriza Umusi w'Isabato
9. Ellen G. White niwe ntumwa y'Imana yahishuriwe n'impwemu y'ubuhanuzi
10. Hari ikibanza mw'ijuru aho Yesu ari, akora igikorwa c'umuhuza.

Ivyo bisomwa ku rubuga internet carm.org mu rwandiko " What does Seven Day Adventist teach ?"


Aucun commentaire: