jeudi

Mu Ngoro z'Ubwami bwa Yehova, higishwa ukuri ?

Imana ntiri hose kandi ntizi vyose;...
Vyanditswe na Ecoversité, Département Evangélisation en ligne

Nkuko inyigisho z’Ivyabona vya Yehova bivuga, Imana si ubutatu, ntizi vyose kandi ntiri hose. Nkuko vyanditswe mu bitabo vyabo bita vyerenda, ubwa mbere na mbere Imana yaremye Marayika Mikayeli, muri we iboneraho kurema ibindi : isi n’ijuru, Adamu na Eva ;… Ico gikorwa co kurema camaze imyaka 42 000.

Ivyanditswe Ivyabona vya Yehova bita ivyabo vyerenda, harimwo na Bibiriya bahinduye, biremeza ko Imana iganza isi n’ijuru iri mu kibanza kizwi, mu kirere ca kure, ahari ikigwi c’inyenyeri zitwa « Pléiades ». Ariko mu nyuma, uburongozi bukuru bw’Ivyabona vya Yehova buti ntawomenya neza aho Imana iri. Niko, guhindura kuri bo ntibisiba, bakavuga bati si ukwihenda namba, bati ahubwo ni umuco ubonesha gusumba !

Adamu ahejeje gucumura, Paradiso yari yararemewe yaramuhumiye. Imuzanira amagorwa, uburuhe, urupfu ;… Imana mugirakigongwe ica ishiraho uburyo bwo gukira, biciye kubambwa ku giti kidafise amashami nk’umusaraba.

Niho Imana yabona ko ikeneye ubuserukizi kw’isi nyabwo. Uhereye kuri Nowa, Aburahamu, Mose, Dawidi n’abandi.

Niho mu mwaka wa 1 800, uwitwa Karori Taze Russel yahishurirwa mu nyuma aca atangura kwandika ivyo yahishuriwe mu gitabo yise ic’Imana, aca ashinga ubuserukizi bw’Imana kw’isi, ubwo buserukizi akaba ari nabwo bwonyene gusa bushobora gusigura Ijambo ry’Imana, naho nyene biciye kuri Marayika Mikayeri, we Imana yatumye ko ico gikorwa kirangurwa kw’isi.

Igihe kigeze ko Umukiza avuka kw’isi, Marayika Mikayeri yigize umuntu buntu, mw’ishusho ya Yesu Kristo ! Yesu arakura agumana amategeko y’Imana kandi ntiyigeze acumura. Mu nyuma arapfa, yikorera ibicumuro vy’abantu bose. Ariko muri abo, Adamu ntiyarimwo. Yesu arazuka ava ikuzimu mu bapfuye ari impwemu gusa, atari mu mubiri kuko umubiri wiwe wari wakamanganye, watwawe n’Imana.
Igihe yagaruka kw’isi yariyerekanye igihe gito, afise umubiri nk’uwu muntu wese muzima. Aho niho yashinga Ishengero ari zo Ngoro z’Ubwami bwa Yehova. Muri Izongoro niho abayoboke bakoranira. Abasigaye bemera ibindi atari ivyo, iyo bava bakagera, si ab’ukuri. Abayita aba kirisitu bobo ni abarwanya kristu wenyene.

Ubundi burongozi bw’amashengero yandi yose akorana n’intwaro, si uburongozi buva ku Mana, na nyaburya bukorana n’abaganza. Kuko ugutwara kw’isi kuganzwa na satani. Ariko ubutwari bw’Ivyabona vya Yehova, bufise ubuserukizi buva mw’ijuru ku Mana nyene. Ntibwivanga. Ubuserukizi bukuru bw’Ivyabona vya Yehova buri muri Amerika, i Brooklyn mu gisagra ca New York.

Igihe Yesu azogaruka kw’isi afise umubiri, hazoba intambara yitwa aramagedo, ayitsinde ace ashinga ubwami bwiwe bw’imyaka 1000. Abapfuye bazozuka, bahabwe ibakwe ryo kubabarirwa. Abarokowe binjire mu burongozi bw’Ivyabona vya Yehova kw’isi, nkuko ivyanditswe vyabo vyeranda bivuga. Abazoba bahakanye Imana n’ubwo burongozi bazorandurwa. Abarokowe bazokizwa ibihe bidashira kw’isi, bari muri Paradiso. Mw’ijuru naho hazoshikayo abantu batarenga 144 000. Abo ni Ivyabona vya Yehova bavutse ubwa kabiri, kazoganzanya n’Imana. Abo bazoba bafise “ubuzima budapfa” abari kw’isi nabo bazoba “ubuzima budashira”. Abazoja mw’ijuru bazoba batapfyuye. Abazoguma kw’isi muri Paradiso bazoba ari mu bazutse barapfyuye, bagazoca babaho ubutagipfa, birira badakora, biruhukira, babana n’inyamaswa zinkazi n’ibindi bikoko ntibikoze ko n’urwara;…

Ivyabona vya Yehova ntibija mu matora, ntivyunamira idarapo canke ngo biririmbe indirimbo zihayagiza igihugu, nka Burundi Bwacu Burundi Buhire. Ntibahimbaza ivuka rya Yesu, ntibatanga canke bahabwe amaraso n’abaganga. Ntibinjira mu gisirikare c’igihugu.
Ni intatangwa mu gukwiragiza amakuru n’inyandiko zabo, ku rugi ku rugo. Ivyo begeranya birungikwa ku murwa mukuru wabo mwerenda, i Brooklyn mu gisagara ca New York muri Amerika.

Uwiyonkoye muri bo aba ikivumwe.

“Winjira mu kibira utazi ugaca inkoni utazi”.

Indondoro ni ku rubuga internet carm.org mu rwandiko rwa Matt Slick “Jehovah’s witness in a Nutshell”.

Aucun commentaire: