mardi

Abahanuzi b’ukuri n’ab’ibinyoma

ICO TUBAMENYERAKO
Vyanditswe na Ethique et Action Chrétiennes, Département Evangélisation en ligne

1. Abahanuzi twita abavugishwa b’ibinyoma

Umuvugishwa, mu gihe ca Mose, yaba ari uw’ibinyoma ahanuje ntibibe. Igihano c’uwo cari ico kwicwa. Gusubira mu Vyagezwe 18 : 20 ; Yeremiya 28 : 9

Ikigaragaza abahanuzi b’ibinyoma ni ibi bikurikira :
• Bavuga ko vyose bizogenda neza. Yeremiya 28 : 3 ; 6 :13-14 ; 8 : 1011 ; 1 Abami 22 : 11-12. Mbere bati kandi igihano c’Imana ntikizoshika.
• Barumvirizwa cane. Malaki 2 : 11
• Barangwa n’ubwibone bwinshi, bagakoresha inguvu, bakarwanya ab’ukuri. 1 Abami 22 : 24 ; Yeremiya 1 : 17-19 ; 26 : 11 ; 29 :26
• Ni benshi cane gusumba ab’ukuri. 1 Abami 22 :6
• Barongirwa n’abadayimoni, impwemu iri muri bo ni iy’ukubesha. 1 Abami 22 : 19-23
• Bigira ba kamenyi, ni bo kwezi y’amarere mu kuzana ibihumanye. Yeremiya 23 : 15

2. Abavugishwa b’ukuri

Umuvugishwa w’ukuri avuga amajmbo ava ku Mana nyene, ahwanye n’Ijambo ryayo ari ryo Bibiriya. Ntashobora kurivuguruza. Yesaya 8 : 20
Umuvugishwa w’ukuri yibonekeza mu bweranda bwiwe, nta bibi agenderamwo. Mu gihe uw’ibinyoma yivanga n’abanyakibi, ntiyumvire, arangwa n’ubugunge. 1 Abami 13 ; 2 Petero 2 : 2. Umuvugishwa w’ukuri arondera ko abantu bashira imitima yabo ku Mana, bakicira urubanza.

Abavugishwa b’ukuri, bamenyekanira kuri ibi bikurikira :
• Ntibumvirizwa. Yeremiya 42-44 ; 44 : 16
• Barazinukwa. 2 Indirimbo 18 : 17
• Baravuguruzwa. Yeremiya 26 : 8 ; 43 : 2 bakongera bagahamwa. Yeremiya 18 : 18 ; 1 Abami 18 : 10
• Barankwa kandi bagatukwa. Yeremiya 1 : 19 ; 20 : 1-2 ; 2 Indirimbo 16 : 10 ; 18 : 26 ; 24 : 21
Mu gihe ca none, hari abavugishwa b’ukuri n’ab’ibinyoma nko mu gihe ca Isiriyeri. 2 Petero 2.

3. Iwacu mu Burundi, birakomeye !

Abavugishwa b’ibinyoma, aha mu gihugu cacu, ntawuzi igitigiri cabo. Mugabo ni benshi kandi muri bo ni bake boba badakorera mu makoraniro. Benshi bari muri ba barongozi b’amashengero masha y’utudumbi dumbi, akorera mu rufuri, atazwi. Uwo ariwe we wese ubona ashinze ishengero risha, yegeranije abo bahora basengana, akiyonkora aho yahora asengerera, canke akaduka atahora aja no gusenga, akiyita uwahishuriwe n’Imana. Ico kikaba ifatiro ryo gusigura ingendo yiwe. Murabo uwaminuje gusumba bose yiyise Imana ni Migurumiko. Uwo yaherukiye mu Mpimba, ahagaritswe n’inyamiramabi, kubera ibibi akora wenyene canke ibikorana n’abayoboke biwe. Ubu aridegemvya. Abameze nk’uwo, naho badashika ku rugero rwo kwiyita Imana bwite, si bake.

Muzobabonera kuki ?

Muri iki gihe twugarijwe n’ubukene, igitigiri kinini c’abahanuzi b’ibinyoma bavuga Imana bironderera icorirenza. Barangwa n’ububeshi, ubusuma, ubukozi bw’ikibi n’ibindi vyaha. Akarorero, hari abiyita abasenzi babuza abantu kuja kwa muganga, iyo hari uwubumvirije aremvye. Ntawudasenga Imana ahakana ko ikiza, ariko ninde asenga atemera abaganga canke abandi bantu bose Imana yahaye ubumenyi no gukora ibikorwa bidashoborwa na bose? Ni nkuko umuganga arwaye yoja ku muntu w’Imana, agasengerwa kandi akaboneraho gukira!
Kenshi aho abo bantu bakoraniriza ababemera, usanga ata hantu aho gukoranira hariho, nta mazi aharangwa, nta n’akazu ka surwumwe n’ibindi vya nkenerwa. Eka mbere n’abavugishwa bafise uburyo bwinshi ntibabuze.
Iyo ngendo mbi izana umuvumo mu gihugu ntiyamirwa hakiri kare, na nyaburya Abatwara guhera mu nzego zikomeye mu gihugu bijukiye gusenga. Niko ivyo, ntiboshigikira abahanuzi b’ibinyoma.

None dukore iki ?

1) Dusenge ubudasiba
2) Twigishe Ijambo ry'Imana ataco duhinduye
3) Dushigikirane
4) Duhanahane ivyiyumviro ku barajwe ishinga n'ivyo bibazo

Aucun commentaire: